Umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko abagize uruhara mu bwicanyi bwo mu mwaka w-1972 bakiriho gushika ubu batazoshengezwa mu butungane kubera ko bariko bageze mu myaka yo muzabukuru ataco bakicihereza bamwe bamwe. Perezida Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Kigarama 2021 igihe yariko yipfurizwa umwaka mushasha n- intwazangabo mu gisirikare , mu giporisi hamwe no mw-iperereza.
Umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye  ati: «ivyaha vyakozwe haheze imyaka 50 n-ababikoze nta magara bagifise nico gituma atawogira ubwoba. Gufata umuntu atakigira amagara ngo uriko uramuhana wunguka iki ko nubundi ataco akuriye?»
Uwo arongoye uburundi iki gihe yarongeye amenyesha ko kumenya kahise bidasa no kurondera kwihorana mu bahuye n-ivyago ahubwo ko ari ukuvurana. Ariko akabandanya asigura ko habaye ugukangarizako ivyabaye muri kahise arivyo biza bituma abarundi bacanamwo imice .





Recent Comments