Gaston SINDIMWO wo muri UPRONA afise umuvugizi wo muri CNDD FDD

0

Ikoraniro Kaminuza ridasanzwe ry’umugambwe CNDD FDD ryo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2016 ryasozerewe bashizeho inzego nyobozi nshasha z’uwo mugambwe. Muri abo bashasha bashinzwe amabanga, harimwo ikibanza c’umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD cahawe umukenyererarugamba Nancy Ninete MUTONI yagiye mu kibanza cahoramwo Daniel Gelase NDABIRABE yahawe ayandi mabanga y’ugukurikirana ubuzima bw’umugambwe CNDD FDD.

nine

Nancy Ninette MUTONI yahawe ayo mabanga y’ukuba umuvugizi wa CNDD FDD asanzwe akora mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, aho mbere ariwe muvugizi wa Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu ndinganizo y’ugusangira ubutegetsi mu Burundi, ikibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu cegukira umugambwe UPRONA, akaba ariwo utanga uwoshirwa muri ayo mabanga.

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu asanzwe akomoka mu mugambwe UPRONA, ariko akaba afise umuvugizi akomoka muri CNDD FDD, Nancy Ninette MUTONI, asanzwe mbere ari nawe muvugizi wa CNDD FDD kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2016.

temu