UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi na Tanzaniya mu gutahukana impunzi ku nguvu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi bahungiye mu nkambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya baraye bamenyeshejwe ko basigaranye amezi cumi gusa ngo babe bavuye kubutaka bwa Tanzaniya.N’inyuma yaho Uwusanzwe agenzura impunzi mu karere ka Kigoma John Walioba agendeye izo mpunzi kuri uyu wa kabiri akabamenyesha ko ivyo biri muvyo bumvikanye na Leta y’u Burundi mu mwaka uheze wa 2023 ko impunzi zose zitegerezwa gusubizwa i burundi.


Nta misi yari iheze Leta ya Tanzaniya yibukije impunzi z’abarundi ziri mu nkambi ya Nduta ko zihawe ikiringo kitarenga ukwezi kwa Gitugutu ko bose bategerezwa kuba basubijwe mu Burundi.

John walioba agira ati:«Mwebwe mufise iwanyu.igihe co gusubira iwanyu cageze.amezi cumi gusa niyo musigaranye kuko amezi abiri amaze guhera.ndagusavye mu bwitonzi harageze ko usubira muhira kugira urwo rwaruka ruronke indero nziza.nico gituma nkubwiye ko igihe cageze.nkaba nizeye ko mugiye kwiyandikisha ku bwinshi kugira musubizwe mu gihugu canyu mu cubahiro canyu.nimwarindira ko ico gihe kirangira ivyoshobora gukwirikira canke kubashikira ntavyo nzi .Tanzaniya irabakunda ishaka gukorana n’uburundi ariko ntishaka impunzi z’abarundi ku butaka bwayo.ntihagire uwabahenda iyi n’ingingo ya Leta y’uburundi,Tanzaniya na HCR».

Leta ya Tanzaniya yagiye yagiriza impunzi z’abarundi bahungiye Muri Tanzaniya kuba aribo bateza umutekano muke muma kambi barimwo .

Tubibutse ko amategeko mpuzamakungu agenga impunzi kw’isi avuga ko ata mpunzi yemerewe gutahukanwa ku nguvu yonyene itavyishakiye.Leta ya Tanzaniya hamwe yokora iryo kosa yoba ihonyanze amategeko mpuzamakungu agenga impunzi kw’isi.Leta y ‘uburundi nayo ikwiye kuraba neza ntirwe mur’uwo mutego ngo itahukane abarundi bari mu nkambi ya nduta ku nguvu mu gihe bavuga ko umutekano wabo udakingiweneza.hari hakwiye kuba ubwumvikane hagati ya Leta ya Tanzaniya,HCR n’uburundi bagatahukana abarundi bumva babishaka ariko ntihakore inguvu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments