Abagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi baciriwe umunyororo wo guherayo

0

Abagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 baciriwe umunyororo wo guherayo na Sentare Ntahinyuzwa y’Uburundi.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’iyo Sentare y’Uburundi, abagize uruhara mw’igeragezwa ryo gutemebagza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 ku ntwaro ya Petero Nkurunziza baciriwe umunyoro wo gufungwa ubuzima bwabo bwose.

Muri abo baciriwe urwo rubanza harimwo n’uwahoze ari umuvugizi wa Petero Nkurunziza, hakabamwo nuwafashe iya mbere mu kuja imbere abandi ariwe Godefroid Niyombare n’abandi basirikare.

Urwo rubanza rukaba kandi rwahitanye abamenyeshamakuru bagize uruhara bagirizwa ko bafashije abashatse gutebamgaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015.

Ng’uru rutonde rw’abasirikare bafatanije na Niyombare baciriwe urwo rubanza harimwo Gaciyubwenge Potien yari umushikiranganji wo kwivuna abansi, General Guillaume Nabindika, Generali Leonard Ngendakumana, Coloneli Habarugira Philbert, Coloneli Ntiranyibagira Jeremie.

Mu bamenyeshamakuru baciriwe urwo rubanza harimwo Innocent Muhozi, Arcade Havyarimana, Bob Rugurika, Gilbert Niyonkuru, Nduwimana Patrick, Mitabaro Patrick,
Niyuhire Anne.

Mu banyepolitike nabo baciriwe urwo rubanza ni Leonidas Hatungimana yahoze ari umuvugizi wa Pierre Nkurunziza, Bernard Busokoza yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, Moise Bucumi uri mu bashinze umugambwe CNDD-FDD, Jean Minani yatwaye umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri, Onesime Nduwimana yigeze kuba umuvugizi wa CNNDD-FDD, ubu ni umunyamabanga w’urunani CNARED, Alexis Sinduhije arongoye MSD.

Bamwe muri abo baciriwe uwo munyororo wo guherayo bakaba biyamiriza urwo rubanza kubera babonamwo ‘urwanko gusa’.