Iry Tina arifuriza Intamba Mu Rugamba intsinzi mu rukino rubahuza na Senegal

0

Imbere yuko umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba Mu Rugamba winjira mu kibuga kuruno muhingamo ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore,umuriririmvyi w’umurundikazi ariko asanzwe akorera akazi kiwe mu gihugu c’ubuganda ariwe Iry Tina yafashe akanya arifuriza intsinzi uyo mugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu rugamba
irene tina
Abicishije rero ku rubuga rwiwe rwa facebook,Iry tina akaba yashoboye kwandika yifuriza insinzi uyo mugwi ,Iry Tina akaba yanditse ati:
I would like to Wish you (team INTAMBA MURUGAMBA) the best of luck in today’s game, I know you can make it we are behind you all the way…!!!
‪#‎Team‬ Iry Tina & my fans let’s all turn up today ku terrain tuonesh lov n support for our brothers # INTAMBA MURUGAMBA we go we go we go!!!!
Mu kirundi akaba yashatse kuvuga ati:nashaka mfate akanya kugira nifurize amahigwe mu rukino rw’uno munsi,abakunzi ba iry tina mureke uno munsi dusidukane niyonka tuje gushigikira umugwi nserukira gihugu wacu Intamba mu Rugamba
Ayo akaba ariyo majambo Iry Tina yashoboye kumenyesha
intamba mu rugamba
Tworangiza tubamenyesha ko Iry Tina abaye umuririmvyi w’umurundi wa mbere ashoboye kwifuriza intsinzi Intamba Mu Rugamba mu rukino rw’uno munsi