Léonidas Hatungimana yahoze ari mu bicocoro vy’umugambwe CNDD-FDD arashima ko Alain-Guillaume Bunyoni atishwe n’ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye inyuma yo gufatwa. Uwo yahoze ari n’umuvugizi w’umuhisi Perezida Nkurunziza arababazwa ariko no kubona Bunyoni atariko akwirikiranwa ku vyaha vy’ukuri yakoze ahubwo ngo yoba yatanzwe n’abari bamwegereye boba bari basangiye umugambi wo kugomba gutembagaza intwaro ya Varisito Ndayishimiye.
Mu kiganiro cabaye kuri uyu wa gatandatu cabereye ku buhingwa bwa “zoom” cari catunganijwe n’umugambwe MSD, Ariko abazwa n’umumenyeshamakuru ico yoba azi kw’ifatwa rya Alain-Guillaume Bunyoni, Léonidas Hatungimana yishuye uku:
“Nibutsa ko nezerewe no kubona Alain-Guillaume batamwishe , twabonye CNIDH yavuze ko babonanye. Ni vyiza umuntu nkurya nta kumwica . yariko arinanata agomba kuba araraba ingene yo kura ku butegetsi Varisito Ndayishimiye. Yaribagiye ko yamaze kuva ku butegetsi hama agenda kwinanata mu bindi . yamupfunze atanico yaribwashikeko. Yari yabishatse ko yogerageza guhirika ubutegetsi ariko abo yandikiye ubutumwa bahavuye babona ko bidakunda baca baramwitanga baja kumurega”
Alain-Guillaume Bunyoni yahagaritswe ku wa 21 Ndamukiza 2023. Yafatiwe I Nyamuzi muri zone Mubone , komine Kabezi intara ya Bujumbura. Kuri uyu wa mbere, Umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa yatangaje ko Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere yagirizwa ivyaha bitatu arivyo: uguhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu hamwe no kwagirizwa inyungu z’akazi zidaciye mu mategeko. Agnès Bangiricenge akaba kandi yamenyesheje ko Bunyoni apfungiwe muri kino gihe mu rwego rw’iperereza ko kandi umuryango wiwe utararonka uruhusha rwo kumubona.