UBM News ads

Bunyoni bamwambike ikamba apfe-Jérémie Minani.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyepolitike Jérémie Minani asaba ko bunyoni bamwambika ikamba agapfa kuko yishe abarundi benshi ari kumwe na Désire uwamahoro aho bishe abarundi 417 guhera rusama 2015 kugeza Ruhuhuma 2023.

Kubwa jeremie Minani,Niyo mpamvu yipfuza kugarukana igihano co gupfa abicanyi nka Bunyoni na Uwamahoro bakicwa.

Inyuma yaho uwahoze ari umushikiranji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yari amaze imisi atabarizwa ko amagara yiwe atifashe neza aho apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega,Jeremie Minani ati Bunyoni akwiye kwambikwa ikamba agapfa.

Ku mbuga ziwe zose,Facebook na x(twitter)yababajwe nuko ajanywe kuvuzwa n’ibibi yakoze.

Uwo munyepolitike akemeza ko Bunyoni na Désire uwamahoro bari bafise umurwi w’abicanyi kandi bishe abarundi benshi,kuva muri ruheshi 2015 gushika ruhuhuma 2023 bishe abarundi bangana 417 kubwo iyo mvo Bunyoni yarakwiye kwicwa naho atarivyo apfungiwe.

Minani Jérémie akaba avuga ko arico gituma yozana igihano c’urupfu maze abicanyi nka Bunyoni bakicwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments