Prezida Ndayishimiye amenyesha ko agiye gushinga ihinguriro rikora amafiriti mu Burundi muri komine Rwibaga maze ibihugu bibanyi bikaza kuzigurira mu Burundi.
Icamubabaje n’abarundi baja kuzigurira mu buhinde no mu bushinois basize ibirayi vy’iwacu.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yakomeje kwizeza abenegihugu baba muri ntara ya Bujumbura komine Rwibaga ko atayaga amasigaracicaro kuko ivyo yabemereye azobishitsa.
Aho rero yisunze uko abarundi baba muri iyo komine bimbura cane ibirayi yaciye abemerera kwubaka ihinguriro rizokora amafiriti maze abenegihugu bakaronka aho bashorera ibirayi.
Prezida Ndayishimiye akemeza ko n’ama machine bamaze kuja kuyaraba,iryo hinguriro rikaba rifasha abanyagihugu kwiteza imbere aho mbere n’ibihugu bibanyi bizoza gusumira hano mu gihugu.
Ico ci ciyumviro ca Prezida Ndayishimiye kikaba cavuye kukuntu hari abarundi bagenda gusumira amafiriti mu bushinois no mubuhinde ngo niyo aryoshe kandi basize ibirayi mu burundi.
Ibi akaba yabishikirije kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 8 gitugutu 2025 mu gihe yari gushikiriza musitanteri mushasha wa komine rwibaga.





Recent Comments