Igisirikare ca kongo gisavye aba FDLR Bose gushira ibirwanisho hasi bakishikana kuri MONUSCO Canke inzego z’igihugu za kongo kugira batahukanwe mu Rwanda.
Mu gihe bonana,FARDC izokoresha inguvu mukubaka ibirwanisho yisunze amategeko y’amasezerano ya Washington yo kuwa 10 gitugutu 2025.

Igisirikare ca kongo FARDC caraye gitangaje umugambi wo kwaka ibirwanisho umuhari FDLR uturuka mu rwanda maze bakishikana aho bari hose bagasubizwa mu Rwanda.
Mw’itangazo ryo kumusi w’ejo igenekerezo rya 10 gitugutu 2025,FARDC isaba ahari Aba FDLR hose ko bokwishikana ku nzego z’igihugu canke MONUSCO kugira basubizwe mu Rwanda.
Mu gihe bokwanka ivyo bategekwa,nkuko FARDC ibimenyesha hazokoreshwa inguvu mukubaka ibirwanisho bisunze ibiri mu mumasezerano ya Washington yo kuwa 10 gitugutu 2025.





Recent Comments