Bujumbura Peace Run: Aba Ambassadeurs Mu Burundi Barasaba Ibiganiro.

0

Abantu batari bake bitavye ibirori vyo kwiruka bataziriye Peace Run mu gisagara ca Bujumbura, ivyateguwe mu buryo bw’amahiganwa na East African Community: “Afrika Mashariki First”.

Iyo Peace Run yatewe agaterka n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre nkurunziza, akaba ari nawe yavyuguruye. Abategetsi bamwe bamwe bafashe ijambo baboneyeho gushimika ku vyuko “amahoro n’umutekano vyosasagara mu Burundi”.

Uyo musi watewe agateka n’abategetsi batari bake harimwo Willy Nyamitwe, uwuserukira Uburundi mu makungu Alain Aime Nyamitwe, Uwuserukira Tanzania mu Burundi,Abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi bamwe bamwe nkuwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Anne Casper, hamwe n’uwuserukira Ubufaransa mu Burundi Laurent Delahausse niho bari.

Laurent Delahausse yabwiye abamenyeshamakuru bari bari muri ivyo birori vya Peace Run ko “ Abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi bategerezwa kwishiramwo kandi bakizera mu bijanye no kuryohora uko ibintu vyifashe mu Burundi”.
Laurent Delahausse ahamagarira abafise uruhara mu kugarukana amahoro mu Burundi bose gushira inguvu hamwe.

Delahausse avuga ati: “Naho mufise ivyo mudahurizako mu Vya Politike, ntimuri abansi, mufise gusa ivyo mudahirizako, kandi mutegerezwa kurondererea hamwe umuti w’ingoreane zadutse biciye mu gusubiza hamwe, hamwe no mu Bumwe bw’igihugu”.