Bujumbura : Ibisasu vyatewe vyakomerekeje abantu umunani

0

Ibikorwa vyo mu gisagara ca Bujumbura nk’igihe c’isaha indwi z’umurango vyahungabanijwe n’umutekano muke wibonekeje, bitewe n’amagerenade atatu yatewe mu bibanza bitatu bitandukanye. Imirimo yabaye nk’iyihagaze akanya gato.

Amagerenade abiri ya mbere yatewe ku mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, Posita y’i Bujumbura hamwe n’ishirahamwe LUMITEL, iya gatatu iterwa ku gituro c’imodoka zunguruza abantu baja mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

sang

Ayo magerenade ahejeje guturika atewe n’abantu mu giporisi bavuga ko batamenyekana, abaporisi ku bwinshi baciye bashika aho yatewe, amwe mu mabarabara ashika ahakorera ishirahamwe LUMITEL akaba yaciye yugarwa nk’iminota icumi n’itanu, n’amazu y’ubudandaji amwe amwe abanza kwugarwa.

pol

Abantu umunani babakaba aribo bakomerekejwe n’ayo magerenade.
si