Bruno arashimira ababandanya kwifotoza mu mipira iriko icapa ciwe

0

Umufotozi agezweho cane hano mu Burundi ariwe Bruno bula arashimira cane abantu bose bamaze iminsi bifotoza bambaye imipira yerekana icapa ciwe aho bimuha ingonga zo gutuma abandanya mu kazi kiwe ko gufotora
tiffa
Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews kuri uyu wa kabiri,Bruno akaba yamenyesheje ko bimuryohera cane kubona hariho abantu bamaze gutahura akazi kiwe hama bagahitamwo kwambara imipira iriko icapa ciwe iyo bariko barifotoza kugira babandanye kumumenyekanisha,Bruno akaba yabandanije atumenyesha ko agikeneye cane abamumenyekanisha kuko atarashobora kugera aho yishikanye kuko indoto ziwe mu mwuga wo gufotora zitarashobora gushika
hasta alvin smith

Tworangiza tubamenyesha ko Bruno asanzwe ari umwe mubafotozi bagezweho muri kino giher kandi bahurumbirwa na benshi hano mu gihugu cacu