UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abakenyezi n’abigeme b’abarundi bambere bariko bajanwa ku mugaragaro gukorera muri Arabie Saoudite.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abakenyezi n’abigeme 11 barafashe indege kuri uyu wa gatatu w’iy’indwi turiko tusozera berekeza mu gihugu ca Arabiya Saoudite. Kuri uyu wa gatanu, abagera kuri 49 nabone bafashe indege berekeza mw’ico gihugu c’abarabu.Bakaba bagiye inyuma yo kurangiza ivyirwa bari bamazemwo igihe bijanye n’ibikorwa bibarindiriye aho mu bihugu vy’abarabu.

Leta y’uburundi ibicishije ku muyobozi mukuru ajejwe igisata c’abarundi baba hanze y’igihugu hamwe no guha agaciro ibikorwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire imenyesha ko abiteguriye kugenda mw’ivyo bihugu vy’abarabu baharurwa mu bihumbi 75. Epimène Bapfinda abona ko ku buzi ibihumbi 75 burindiriwe muri Arabie Saoudite, hazogabanuka ubushomeri mu gihugu c’uburundi.
Bapfinda akaba yamenyesheje ko abigeme n’abakenyezi aribo bazogenda ubwambere mu kurindira amasezerano y’akazi ku bagabo nabo. Abagabo ngo bakaba bazorondererwamu buzi bw’ubushoferi, gukora mu mirima, kwubaka, n’ubundi…

Tubamenyeshe ko amasezerano hagati ya Leta y’uburundi na Arabiya Saoudite ajanye no guhanahana abakozi yateweko umukono mu mwaka wa 2021.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments