UBM News ads

Abanyagihugu bo mu ntara za Bubanza na Cibitoke batekewe n’ubwoba ko hoba hari imirwi y’abarwanyi ishobora gutera iwabo ivuye muri Congo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuva mu ntango z’iy’indwi turiko tusozera hari amakuru ariko aca ahatandukanye ahamagarira inzego z’umutekano n’iz’ukwivuna abansi kurikanura kuko umwansi biboneka ko yiteguriye kwinjirira mu ntara ya Bubanza neza na neza mu kibira ca Musigati hamwe no mu makomine yegereye igihugu kibanyi ca Congo. Ayo makuru afatwa nk’ibihuha n’abajejwe intwaro akaba yaraye atumye abanyagihugu begereye ishamba rya Kibira muri komine Musigati barara ntibuca. Amakuru yagiye aratangwa ku mbuga ngurukanabumenyi za whatsapp n’ahandi kuri uyu wa gatatu yavuga ko umurwi w’abarwanyi boba binjiriye mu Gatura aho bita Kw’ibaro, ni muri komine nyene ya Musigati, mu ntara ya Bubanza. Abo banyagihugu bo ku mitumba ya Dondi, Kayange na Masare bamenyesha ko baciye bava mu mazu yabo mu bucagucagu bwo kuri uyu wa kane maze baja kubazanya ivyo ari vyo.

Musitanteri wa komine Musigati yabwiye kuri uyu wa kane iradiyo n’imboneshakure ISANGANIRO ko ayo makuru atariyo ko ahubwo ari ibihuha. Joachim Nduwumwami akaba yemeje kandi ko bamwe mu bo arongoye bahungabanye mu gatondo ko kuri uyu wa kane . Ariko akabahumuriza ko abajejwe umutekano banyarutse gutohoza ayo makuru basanga siyo.

Ahandi hamaze imisi ibihuha ni ku nkengera z’uruzi Rusizi ,mu mihana yo mu ma komine agize intara ya Cibitoke ahana urubibe n’igihugu kibanyi ca Congo. Abo banyagihugu bakavuga ko bumvise ko hoba hari abarwanyi begereye urubibe bashaka kwinjira gutera uburundi. Na hone abajejwe intwaro bakaba babibeshuza. Bakavuga ko amajambo abanyagihugu bagenda bahanahana ashingiye ku bihuha gusa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments