Bimwe mubimaze kurangurwa mu kiringo c’umwaka u Burundi bumaze burongowe na Prezida NDAYISHIMIYE.

0
Peut être une image de 1 personne, position debout et plein air
Mu mwaka umwe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, kuva yimitswe ku wa 18 Ruheshi 2020, bimwe mu bihano vyari vyarafatiwe u Burundi kuva 2015 vyarakuweho. Uturorero bwarakuwe ku rutonde rw’ibihugu vyama vyigwa n’inama ijejwe umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ikurwaho ry’ibihano bwari bwafatiwe n’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa.
Ku bijanye no kugarukana ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, ibinyamakuru bimwe bimwe vyari mu bihano vyaratezuriwe bisabwe n’umukuru w’igihugu. Ni nka radiyo Bonesha FM, iradiyo y’abongereza BBC (ariko isabwa gusaba urundi ruhusha rwo gukorera

mu Burundi inyuma yo kwakwa urwa mbere), ikinyamakuru Ikiriho gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi n’abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barekuwe. Naho haracari ibindi bitarugururwa nka radio Ijwi ry’Amerika VOA, RPA n’imboneshakure Renaissance.
Mu vyo Perezida Evariste Ndayishimiye yari yiyemeje acimikwa, harimwo kugarukana imigenderanire hagati y’ u Burundi n’amakungu hamwe n’ababanyi yari yaratosekaye. Aha ibiganiro hagati y’ibihugu vy’ishirahamwe vya Bulaya vyaratanguye hamwe no hagati y’Uburundi n’u Rwanda. Aramaze kandi kugendera ibihugu 6 harimwo ivyo mu karere k’Afrika y’ubuseruko arivyo Tanzania, Uganda na Kenya.