Bamwe mu barongoye amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zinamuntu ntibabona ibintu kumwe na CNDH.

0
Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi,CNIDH urashima intambwe bageze ko mu guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu mu gihugu biciye mu gukorana neza n’inzego zitandukanye.
Uwurongoye uwo murwi yabishikirije kuri uyu wa kane i Karusi, mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro n’abakenguzamateka bagize umurwi ujejwe ibibazo bijanye n’agateka ka zina muntu.
Sixte Vigny Nimuraba arashima ingingo zimaze iminsi zifatwa mu guteza imbere agateka ka zina muntu nko kurekura bamwe mu banyororo no kwugura amwe mu maradiyo n’ibindi bimenyeshamakuru. Amenyesha ko uwo murwi wabigizemwo uruhara mu gukorana no uguhanura inzego zitandukanye.
 
Peut être une image de 12 personnes et personnes debout
Aho ni mu gihe amashirahamwe yigenga aharanira ako gateka ka zinamuntu nayo atabona ibintu kumwe na CNDH kuko ngo ivyo ayo mashirahamwe abona vyo bifise iyindi shusho, bamwe mu bayarongoye bavuga ko ata terambere rizoboneka mw’ico gisata mugihe tukibona abantu bicwa abandi banyuruzwa kandi leta irorera.