BiG ZOE yoba yaravuye muri H4C?

0

BARIGUME Régis azwi kw’izina ry’uburirimvyi nka BIG ZOE yoba yaravuye mu mugwi H4C nkuko benshi bamaze iminsi bavyibaza?

big zoe

Nyuma yo kwumva ibimaze iminsi bivugwa ko BIG ZOE yoba atakibarizwa mu mugwi H4C,umugwi usanzwe uririmba indirimbo zihayagiza IMANA(Gospel Music),ikinyamakuru canyu ubmnews.com caramwegereye kiramubaza yuko ibimaze iminsi bivugwa ko yoba yaravuye mu mugwi H4C ko arivyo,BIG ZOE akaba yaraduhakaniye ko yavuye mu mugwi H4C ahubwo anatubwirako atanarota ava muri uyo mugwi H4C kuko mu mugwi H4c s’umugwi wo kuririmba gusa ahubwo ngo bagize umuryango umwe.

Twobamenyesha ko Big Zoé ari umuririmvyi w’umurundi yamenyekanye cane ku ndiririmbo ONE LOVE.