Stikk agereranya Snow Cay nka Rusuferi

0

Umuriro niwo waka hagati y’abaririmvyi babiri bigeze kuba bari mu mugwi umwe baza gutandukana mu nyuma bivuye ku ngorane zitaramenyekana gushika nubu,abo nabo ni stikk na Snow Cay barikumwe mu mugwi Over Do Team

stikk
Nyuma yaho habaye ukutumvikana bagatangura kubwirana amajambo atabereye,stikk yahisemwo kwitura inzu ihinyanyura indirimbo ya Master Muzik ahitamwo kwishura snow cay abicishije mu gahogo,aho yasohoye indirimbo yitwa”Rusuferi”,muri iyo ndirimbo stikk akaba yariko abwira snow cay ko amugereranya nka ”Rusiferi”bivanye n’ukutumvikana guhari muri ino minsi hagati y’abo baririmvyi babiri

Vuba tugiye kubaronderera iyo ndirimbo kugira mushobore kuyumva