UBM News ads UBM News ads
Wednesday, April 17, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

BAD yemereye uburundi imfashanyo zirenga gato imiriyoni 13 z’amadorare y’abanyamerika.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD igiye kuronsa uburundi imiriyoni zirenga gato 13 z’amadorare y’abanyamerika. Ayo mafaranga akaba azokoreshwa mu gushigikira umugambi wo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe. Akazofasha kandi no mu guteza imbere igisata c’amazi.

Nkuko tubisoma ku rubuga rwa BAD, Urwego nyobozi rw’umurwi w’iyo banki rwarateye umukono kuwa 5 Gitugutu 2023 ku mfashanyo igenewe uburundi ingana imiriyoni 13.15 z’amadorare y’abanyamerika.BAD ivuga ko iyo mfashanyo izoshigikira umugambi wo kwiyungunganya kugira habe kwisununura mu vy’imibano no mu butunzi. Aho abanyagihugu barenga umumiriyoni (ibice 50% ari abakenyezi) nibo bazoshikirwa n’uwo mugambi mu ntara za Cankuzo, Bubanza, Ruyigi, Rutana, Cibitoke, Kayanza na Gitega.

Mu gisata kijanye no guteza imbere amazi, Iyo mfashanyo izofasha mw’ishirwaho ry’ubuhinga bwo gutanga amazi meza bugera kuri 18. Abantu bagera ku 4500 nibo bazoronswa ayo mazi. Hategekanijwe kandi kuzokwubakwa ubuzu bwa sugumwe bugera ku 750 hamwe n’ibibanza vyo gukarabiramwo.

Uwo mugambi wo gufasha mu gisata c’amazi meza mu Burundi bitegekanijwe ko uzotangura mu kwezi kwa Nzero 2024, nkuko itangazo rya BAD ribivuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments