Benshi bariko barasaba ko Christa Kaneza yorekurwa harimwo umuryango w’umugabo wiwe

0

Mu masanamu ariko araca ku mbuga ngurukana bumenyi haboneka mushiki wa Thierry Kubwimana umugabo wa Christa Kaneza aheruka kugandagurwa bamusanze mu gitanda iwe muri quartier Gasekebuye mw’ijoro ry’itariki 24 rishira 25 munyonyo 2020.

Mushiki wa Thierry Kubwimana agasaba ko uyo mugore wa musaza we yorekurwa kuko batabona igituma yogandagura umugabo wiwe baheruka kwibaruka kandi atamatati akomeye bari bafitaniye.

Pacifique Nininahazwe, agwanira agateka kazina muntu nawe amenyesha ko abagirije ico caha co kwica umugabo wiwe Christa Kaneza ko umwe muribo yabanje kuborezwa igufa kugira yemere kuremeka inkono ishushe umupfakazi Christa Kaneza. Aho ni mugihe yari yanse kumwagiriza ico caha ageze imbere yiwe.

Christa Kaneza akaba ur’umupfakazi w’imyaka 18 afise n’uruyoya rw’amezi atandatu yavyaranye m’urugo n’umuhisi Thierry Kaneza. Amajwi menshi akaba ariko arasaba ko uyu mu mama akiri muto yerekurwa akaja konsa umwana wiwe kuko atagituma kiboneka yari kugandagura umugabo wiwe.