Uwatabaye ishirahamwe SOSUMO yitavye Imana

0

Audace Bukuru yitavye Imana kur’uyu wa gatanu mubucagucagu. Akaba yararongoye ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari riri mu ntara ya Rutana. Ico gihe ishirihamwe SOSUMO ryahimbaza imyaka 25 rivutse ariko rikaba ryari rifise ideni ringana imiliaridi 11 harimwo ideni rya Leta ringana imiliaridi 7.

Audace Bukuru akaba yaciye asaba abamugenye ko bomureka akitorera abamufasha kuzamura iryo shirahamwe ryagira ritembe n’abakozi barikorera bakaba bari bamaze kwihebura ko akazi kagire gahere.

Mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2010 ubuyobozi bushasha bwa SOSUMO bwaciye bushingwa burongowe na Audace Bukuru. Mu mezi make iryo shirahamwe rica riravyuka.

Hambavu yo kuriha ayo madeni yose SOSUMO yaciye itanga inyungu ingana n’imiliyaridi 3 yahora itanga inyungu ingana imiliyoni 638. Ibitari bwaboneke kuva iryo shirahamwe rivuka mu mwaka wa 1988. Abakozi ba SOSUMO nubu bakaba bakimushimira bakavuga ko yari intumwa y’Imana yaje kubakiza ubushomeri.

Audace Bukuru akaba yavukiye mu ntara ya Makamba i Vugizo mu mwaka wa 1962 muri nzero itariki 28. Akaba yatanguye akazi mw’ibanki BNDE yahavuye arongora.