Amasengesho yo gutora umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yatanguye mu gisagara ca Gitega

0

Umukuru w’umurwi wamaho mu mugambwe CNDD-FDD ujejwe gutunganya ibisabisho rusangi, Umukenguzamateka Laurent Nicimbeshe, arahamagarira abagumyabanga bose ko imisi itatu y’amasengesho yatanguye kur’uyu wakane itariki 21/01. Ayo masengesho akazobandanya kuwagatanu itariki 22/01 no kuwa gatandatu itariki 23/01.

Iyo misi izoba iyo kwisonzesha mu ntumbero yo gutakambira Imana ngo ibandanye idukingira ikiza Coronavirus, ibungabunge indongozi, Abarundi nu Burundi. Iryo  tangazo ryerekeye abagumyabanga bose nincuti z’umugambwe CNDD-FDD.

Ariko naho iyo ajejwe gutunganya amasengesho mu mugambwe CNDD-FDD yavuze ko arugusaba Imana kurinda Uburundi n’abarongozi babwo ikiza coronavirus, igikorwa kizokwirikira benshi banuganuga ni gutora umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri k’ubutegesti CNDD-FDD. Ivyo bikazoba bibaye co kimwe nibiherutse kuba igihe batora uwuzokwitoza mumatora yo mu mwaka wa 2020, aho Prezida Nkurunziza yagena Evariste Ndayishimiye kuzokwitoza ku giti cuyo mugambwe umaze imyaka 16 urongoye Uburundi.

Ingene amasengesho azogenda