Sunday, March 26, 2023
HomeNewsBane mu baharanira agateka ka zina muntu barapfunzwe inyuma yo gufatirwa...

Bane mu baharanira agateka ka zina muntu barapfunzwe inyuma yo gufatirwa ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye bagiye muri Uganda mu nama .

Abakozi b’iperereza barahagaritse kuri uyu wa kabiri ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye abantu bane barongoye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu gihe bari biteguriye kuja I Kampala mu gihugu ca Uganda mu nama ijanye n’ivy’akazi kabo.

Abo bahagaritswe ni abakenyezi batatu hamwe n’umugabo umwe: Audace Havyarimana aserukira ishirahamwe APDH, Sylvana Inamahoro asanzwe ari umuyobozi nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe, Sonia Ndikumasabo arongoye ishirahamwe AFJB hamwe na Marie Emerusabe , umuhazabikorwa mukuru mw’iryo shirahamwe.

“Igendereza ryemeye ribicishije ku munwa umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu ko hari amatohoza yariko arakorwa kuri abo banywanyi bane b’iryo shirahamwe” Niko amakuru ikinyamakuru Sos Medias Burundi caronse kuri uyu wa kabiri.

Ayandi masoko nayo yemeza ko uwundi mutahe wo kubahagarika woba wasohowe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika kuri abo bantu bane.

Must Read