Ubuserukizi bw’igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika mu Burundi bugabisha abanyagihugu baturuka mw’ico gihugu kwiyubara kugendera mu bibanza bimwe bimwe vy’uburundi ku mvo yuko umutekano ushobora guhungabana umwanya n’umwanya.
Nkuko tubisanga mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa 13 Ruhuhuma 2023 n’ubuserukizi bwa Leta Zunze ubumwe za Amerika, Ubwo buserukizi bumenyesha ko bufise amakuru yo kwizera ko mu bibanza bimwe bimwe bishobora kubangamirwa n’umutekano muke. Aha, ubwo buserukizi bwa Amerika mu Burundi bukavuga ikibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hamwe n’intara zegereye ishamba cimeza rya Kibira nka Cibitoke, Bubanza na Muramvya.
Ubugizi bwa nabi bushobora gukorwa hisunzwe amatohoza yakozwe n’inzego z’iperereza za Amerika ni :Ubwicanyi, kunyuruza abantu, kwiba imodoka, ibitero vya gerenade, ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho n’ibindi. Amerika iti :”n’imipaka ishobora kwugarwa atawubimenyeshejwe imbere y’igihe”
Amerika ikaba yaburiye abanyamerika ibahanura kwiyubara kugendera muri ivyo bice . Ubuserukizi bwa Amerika mu Burundi bumenyesha ko n’igisata c’ubuvuzi kitifashe neza , ko baramutse bagiye mu Burundi bwokwinengensera.