Umugambwe CNL uvuga ko ibice binini vy’abahabwa akazi mu Burundi ari aba CNDD-FDD.

0

Umugambwe CNL uvuga ko ibice binini vy-abarundi bahabwa akazi mu Burundi ari abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Kubwa CNL, ntibitahuritse ingene umunyagihugu w’umurundi akumirwa mu guhabwa akazi habanje kurabwa ivyiyumviro vya politike kandi ariwe aheza akariha amakori n’amatagisi  ari nayo agaruka guteza imbere igihugu. Umugambwe CNL wabishikirije kuri uyu wa mbere Rusama 2022 igihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi.Image

CNL ikabona kandi ko uwo musi ushitse mu gihugu c’uburundi hari ingorane zitari nkeya  ku mukozi na cane cane zifatiye kw’iduga ry’ibidandazwa ku rugero rudasanzwe , ivyo bikaba kubwa CNL biri uko mu gihe n’umushahara utakibumba umukozi wa Leta. Uwo mugambwe ugasaba Leta gufata ingingo zose kugira ngo horoherezwe umukozi hamwe no kuduza ubushobozi bw’umuguzi.