Ashley Diva n’umwe yaguze i cd y’umugwi Best Life Music amafaranga ibihumbi mirongo ine.

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Ashley Diva yaguze i cd y’umugwi best life music amafaranga ibihumbi mirongo ine vy’amarundi,hari kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 26/12/2015.
Akimara kugura iyo cd,ashley Diva twamwegereye turamubaza igituma ashobboye kugura iyo cd,akaba yatwishuye ati:Nguze ino cd kugira mfashe bagenzi banje ba best life music so ejo nanje nshobora kugurisha i cd yanje ntaronse abangurira sinzoryoherwa,nico gituma ndayiguze kugira nabo bashobore kubona ko hari umuntu abashigikiye.
ashley diva
Ashley Diva akaba ariwe Muririmvyi aguze iyo cd amahera menshi nyuma ya NAtacha,Masterland na lady grace nabo bashoboye kuyigura.