Perezida Evariste Ndayishimiye yashikanywe k-ubutegetsi n-amatora y-ubusuma bukabije, vyandikwa n-ikinyamakuru La Libre Afrique.

0

Inyuma hafi y-ikiringo c-umwaka  habaye amatora y-umukuru w-igihugu mu Burundi, Ikinyamakuru La Libre Afrique co mu gihugu c-ububirigi  kimenyesha ko habaye ubusuma bukabije butagira izina aribwo bwahavuye bushikana k-ubutegetsi uno musi Perezida Ndayishimiye Evariste.Ico kinyamakuru kikaba cavyanditse kibihawe n-abashakashatsi b-abarundi bakoze amatohoza ku matora yo kuwa 20 Rusama 2020 ariko ntibashima kwiyerekana ku mvo z-umutekano wabo. Kubwa La Libre Afrique , ngo abo bashakashatsi bazoshira ahabona  ivyavuye mu cirwa cabo bakoze mu gihe mu Burundi abantu bazoba basubiye kwishira no kwizana.Présidentielle au Burundi : la Ceni appelle à la patience après un scrutin marqué par des incidents – Jeune Afrique

Abo bashakashatsi  bafatira kuri bimwe vyaranze ayo matora aho bamenyesha ko harimwo ibihushane canke bidasiguritse aho bibutsa ingene ibitigiri mfata kibanza vyatangajwe mu runani rw-ibimenyeshamakuru inyuma y-amasaha make utuzu tw-amatora twugawe mu gihe umurwi ujejwe amatora CENI wari ukiriko uraharura amajwi. Ariko rero ivyo bikaba vyabaye ukurenga ku mategeko umurwi CENI wari washizeho ko ata kinyamakuru cemerewe gutangaza ivyavuye mu matora atari uwo murwi CENI wonyene uvyikoreye.

Ikindi catangaje abo bashakashatsi ni ingene umukuru w-uwo murwi CENI umushingantahe Pierre Claver Kazihise ubwiwe yatangaje ibitigiri mu nyuma akagaruka kuvuga ko basanze vyakozwe nabi ko rero ivyo bitigiri atarivyo n-agato kwabaye ukwihenda atagaciro bifise ariko ntivyabujije ko sentare yubahiriza ibwiriza shingiro yemeza ivyo bitigiri kuwa 4 Mukakaro 2020. Abo bashakashatsi badashaka kumenyekana kumvo z-umutekano wabo  bavuga ko ivyo bitigiri  vyose vyakozwe nabi kugira vyanka bikunda Perezida ahari w-uno musi Evariste Ndayishimiye abe umukuru w-igihugu c-uburundi. Vyongeye ku vyegeranyo1251, barashoboye  kugereranya ibitigiri vyatanzwe na CENI  hamwe n-ibifatiye kw-ivyo vyegeranyo bafise ariko bagarukira kuntara zitanu zabitoje mu matora y-umukuru w-igihigu . Aho bakoreye kandi  ku bakandida  babiri aribo Gen. Major Evariste Ndayishimiye ariwe aramutswa igihugu ubu yatanzwe n-umugambwe CNDDFDD hamwe n-umushingamateka Agathon Rwasa yari yaserukiye umugambwe CNL.

Nko mu gisagara ca Bujumbura, umurwi CENI wahaye Evariste Ndayishimiye amajwi 36,70% mu gihe abo bahinga basanze bafise amajwi 28.79%  amajwi 52,11% niyo CENI yahaye umukandida Evariste Ndayishimiye kuri 58,83% y-abo bahinga  yahawe  Agathon Rwasa.Bikaba biruko no mu ntara za CIBITOKE, MWARO, KAYANZA,BUJUMBURA-RURAL, BUBANZA, MAKAMBA  zafatiweko n-abo bashakashatsi.

Abo bashakashatsi bamenyesha ko ubwo busuma  bwabaye hagati yo kuharura amajwi no kuyashikiriza bagahamagarira umurwi CENI  ko hamwe bishitse ntiwemera ibiri mw-ico cegeranyo c-abo bashakashatsi ko nawo woca ubahinyuza .Abo bashakashatsi bemeza ko umurwi CENI washikirije abarundi n-amakungu ibitigiri bitarivyo ko batanze ivyo biyumviriye. Kubwabo, bavuga CENI yabaye igikoresho  cakoreshejwe mu guhindura ibitigiri nyavyo  vyavuye mu matora.

Mukurangiza, Abo bashakashatsi bavuga ko bishoboka mu gihugu cose umukandida agathon Rwasa yasumbije cane amajwi Evariste Ndayishimiye mu gice ca mbere,. Ko bishoboka kandi ko Ndayishimiye  yaronse amajwi ari musi y-ibice 50%.