Arsene Bucuti yahawe amabanga mashasha muri Vitalo’o fc

0

Arsene Bucuti wa Radio 10 Burundi na Rashid Alfred umumenyeshamakuru yabunyoye muvy’inkino hano mu gihugu c’uburundi,baragenywe mu mabanga mashasha mu mugwi wa Vitalo’o fc.

Ikinyamakuru cacu ubmnews kikaba caregereye Arsene Bucuti kugira agire ico ashikiriza kuri ayo mabanga mashasha yagenywemwo.

Ubmnews:Bite Arsene

Arsene:Ni sawa

Ubmnews:mwakiriye gute igenwa ryanyu mu mugwi wa Vitalo’o FC?

Arsene Bucuti:vyaranshimishije cane kugenwa muri uyo mugwi wa vitalo’o fc na cane cane ko uwuwurongoye Benjamin Bikorimana arongoye ishirahamwe Bio Energy Burundi rihingura amakara atonona ibidukikije,ari naryo rifashe mu mugongo Vitalo Fc ,ikindi nuko afitiye imigambi myinshi kandi myizauwo murwi,kubwanje nkaba nzokwitanga uko nshoboye kwose kugira umugwi ubandanye utera imbere nkuko wama.

Ubmnews:None mugiye gukora iki?

Arsene:Tugiye kuba hafi abarongozi mu gihe cose bazoba badukeneye ,kuba hafi abakinyi,kwegera abafana hamwe n’abantu bose bazoba bipfuza kumenyekanisha ivyabo biciye mu mugwi wa vitalo’o fc na cane cane ko himirije amahiganwa mpuzamakungu ya champions league na cecafa

Ubmnews:Niki cakunezereje?

Arsene:Nanezerejwe nuko nzokorana n’abamenyereza bazi akazi nka Yaounde na coach Mbaya Francis ntirengangije n’abakinyi bawo kuko bazi intumbero bihaye yo kwama babaye aba mbere mu mahiganwa yose Vitalo Fc izokina.

Ubmnews:Usanzwe ukora kuri radio 10,mbega abakunzi bawe bazobandanya bakwumva uko vyahora?
Arsene:Ego cane bazokwama banyumva nkuko vyahora kuko vitalo yasinye amasezerano na radio 10 akaba arije mpagarariye ayo masezerano mashasha ya vitalo’o fc na radio10.

Ubmnews:arsene bucuti turabashimiye

Arsene:Murakoze namwe nkashimira abanfata mu mugongo nka famille yanje,Bagenzi Pasteur,n’abo dukorana kuri Radio 10 Burundi.
Tubamenyeshe ko Umugwi wa vitalo’o fc washinzwe mu myaka wa 55,ukaba umaze gutwara ibikombe vyinshi cane,ukaba warashitse no mu rukino rwa nyuma rwa Club des vainquers uba uwa 2,ukaba waranatwaye igikombe ca cecafa kagame cup mu mwaka wa 2012.