Inama nkenguzamateka y’uburundi igiye gusuzuma ko ibice 60 kw’ijana vy’abahutu na 40 kw’ijana vy’abatutsi mu nzego zimwe zimwe z’igihugu bigikenewe kwubahirizwa nkuko biri mu ngingo ya 289 y’ibwirizwa shingiro ry’uburundi. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka hari mu ntara ya Rumonge.
Fabrice Nkurunziza ashikiriza ko inama nshingamateka yahawe ikiringo c’imyaka itanu kugira irimbure, ibaze abanyagihugu ico biyumvira ku bijanye no guhinyanyura iyo ngingo canke kuyikuraho mw’ibwirizwa shingiro. Agasaba indongozi kwitegura kugira inama nkenguzamateka niyo yaja mu gikorwa nyezina , mu kwezi kwa Myandagaro , bazogire ico bashikirije.
Tubibutse ko iyubahirizwa ry’ibitigiri vy’amoko mu nzego zimwe zimwe za Leta vyapfunditswe mu masezerano y’amahoro y’i Arusha hari mu mwaka w’2000 inyuma y’imyaka y’indyane zirikumwe n’intambara igihugu camazemwo kuva umuhisi perezida Melchior Ndadaye agandaguwe mu 1994. Ico gihe abarwanya ubutegetsi bw’ico gihe bwari burongowe n’umuhisi Perezida Buyoya bagizwe n’abo mu bwoko bw’abahutu basigura ko bakumiriwe mu nzego z’igihugu ariko guca bafata ibirwanisho baja mw’ishamba barwanira uburenganzira bwabo.
Recent Comments