Amwe mu mateka yaranze Bob Marley afatwa nk’Umwami wa Reggae kw’isi.

0
Imyaka 40 iraheze Bob Marley apfuye, iyi taliki yapfiriyeko hari imigirwa ikorwa na benshi mu ntumbero yo kumwibuka.
Ugwaruka kw’isi ruri muri benshi n’ubu bakunda umuziki wiwe kubera umudiho yihariye (Reggae) n’ubutumwa buyirimwo mbere benshi bakanamufata nk’umwami w’uwo mudiho, ariko abo bose bavutse yarapfuye kuko uyu munsi haheze imyaka 40 Bob Marley apfuye.
Yapfuye ari kuwa mbere tariki 11/05/1981 ku bitaro vyitwa Cedars of Lebanon Hospital muri Miami,US haheze umwanya muto ahagejejwe ngo avurwe.
Hari haheze igihe gito cane avuye kwivuza mu Budagi ariko vyananiranye.
Mu 1977 bari bamusanzemwo cancer yitwa melanoma yahereye ku rwara igafata n’ino, mu 1981 yari imaze kugera mu mahaha no mu bwonko imwica afise imyaka 36 gusa.
Bivugwa ko ijambo rya nyuma yavuze ari iryo yabwiye umuhungu wiwe Ziggy Marley ati “amafaranga ntagura ubuzima”.
Muri Jamaica yasezewe nk’intwari y’igihugu, ashinguranwa guitar yiwe mu rusengero ruri hafi y’aho yavukiye.
Ubutumwa buri mu ndirimbo ziwe bufatwa na benshi nk’ubw’umuhanuzi aho kuba ubw’umuririmvyi usanzwe.
Mu 1977, aba i Londres nibwo yasohoye Album yise Exodus, imwe muri Album nziza z’u muziki zakozwe kw’isi.
Indirimbo ziri kuri iyi Album nka “One Love “, “Exodus”, “Jamming” na “Three Little Birds” ziracari indirimbo zumvikana henshi kandi zikunzwe kw’isi.
Izindi ndirimbo ziwe nka “Zimbabwe”, “War” na “Africa Unite” zagize uruhara runini mu mpinduramatwara yo guharanira ukwikukira no kurwanya ivangura rifatiye ku ruhu muri Afrika mu myaka ya 1980.