Abarundi twese turasabwa gushigikira ugwaruka gw’abigeme bagiye kwinjira munkino za CAN.

0

Inyuma y’ugutora uko imigwi izohura (tirage au sort) yo gukurakurakuranamwo ya CAN y’abigeme, Uburundi bwaguye kuri Érythrée
 Iyo tirage au sort yabaye kuri uyu munsi ku cicaro gikuru ca CAF muri Egypt ivuga yuko hamwe umugwi w’Intamba wotsinda uzoca uhura n’uwuzotsinda hagati y’u Rwanda na Djibuti.
 Inkino za mbere zizoba hagati y’itariki 7 na 15 Ruheshi 2021. izakabiri zibe hagati ya 19 na 29 Gitugu 2021.
 Mwomenya yuko iyo CAN y’abigeme itegekanijwe kubera muri Maroc mu 2022. Akaba ari imirwi 44 yagiye mu majonjora muri iyo hakazovamwo 12 gusa ariyo izoja muriMaroc guhatanira igikombe ca  CAN2022 y’abigeme.
Jewe nawe ico dusabwa ni gufata mu mugongo abo bana b’Uburundi kuko intsinzi yabo ar’intsinzi y’abarundi twese.