Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAbarundi bashobora gutangura kuronka uyu mwaka indangamuntu zikozwe mu buhingwa bwa "biometrique".

Abarundi bashobora gutangura kuronka uyu mwaka indangamuntu zikozwe mu buhingwa bwa “biometrique”.

Abarundi bashobora gutangura kuronka uyu mwaka indangamuntu zikozwe
Ikarata karangamuntu za mbere zikozwe mu buhinga bwa none bita “biométrique” mu rurimi rw’igifaransa zishobora gutangura gusohoka uy’umwaka wa 2023. Vyavuzwe kuri uyu wa Kabiri n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hari igihe yariko yishura ibibazo vy’abakenguzamateka . Martin Ninteretse avuga ko ubuhinga bwo gukora izo karata karangamuntu bwamaze kuboneka.

Ico uwo mushikiranganji avuga ko igisa nigisigaye ni ikijanye no kugura ibikoresho bimwe bimwe hamwe no gushira itegeko rigenga ikoreshwa ry’iyo karata. Martin Ninteretse yasiguye ko gukoresha iyo karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none bizogira ikimazi kinini harimwo no kurwanya bamwe bandikisha ubugeni incuro irenga imwe.

Umushikiranganji Ninteretse akaba yagiriyeko amenyesha ko ubwo buhinga bwa nonebuzojanirana n’ubuhinga bwo kwegeranya amafaranga yinjira mu kigega c’amakomine hamwe no gutanga izindi mpapuro zirondererwa mu makomine.

Must Read