Ivyo vyavuye mw’itangazo ryasomwe n’umukuru w’ibanki ya Républika y’Uburundi, Jean Ciza, kur’uyu wa kabiri. Akaba yamenyesheje ko hemewe gukora amazu yo kuvunja amahera y’agaciro ayemewe n’ibanki nkuru y’igihugu.

Ivyo Jean Ciza akaba abivuze mu gihe hari abavunjayi benshi bavunja mu gisagara ca Bujumbura batagira uruhusha mu ntumbero yo kurondera icorirenza. Jean Ciza akavuga ko uwuzofatwa ariko aravunja ataruhusha afise azoca ahanwa n’amategeko kandi bamwake n’amahera yariko arakoresha.
Jean Ciza yamenyesheje kandi ko ingenzi yose itegerezwa kwerekana amahera ifise ashika amadolari ibihumbi 10 canke amahera ashika ibihumbi 200 vy’amahera y’amarundi. Arabandanya avuga ko amabanqui ategerezwa gusaba uruhusha ibanki nkuru y’igihugu mu gihe atanze ingurane y’amadolari hanze y’igihugu.
Abashaka kurangura nabo bashaka amahera y’agaciro ntibazorenza ibihumbi 5 vy’amadolari bahora basaba ibihumbi 40 vy’amadolari. Uwuje nawe kurondera idolari nawe atavuze igituma ntazorenzwa amajana 5 y’amadolari ku musi yahora aronka ibihumbi bitatu vy’amadolari ku musi.
Mwomenye ko haciye ukwezi idolari ryari ryakorotse rigera ku bihumbi 24oo y’amarundi ariko ubu ryasubiye kuduga rishitse ku bihumbi 3000 vy’amahera y’amarundi. Ivyo bikaboneka ko amadolari asohoka asumba ayinjira.





Recent Comments