UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Hagiye kujaho imodoka zikoresha umuyagankuba mu Burundi -Christine Niragira

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubushikiranganji bw’ubudandanji buserukiwe n’umunyamabanga ntayegayezwa Christine Niragira bwaratunganije inama yo gutanguza icese umugambi werekeye igerageza ry’imodoka zikoresha umuyagankuba.Christine Niragira avuga ko uwo mugambi uzotuma amafaranga leta yahora ikoresha mu kurangura igitoro agabanuka bongere bakingire igisenge c’isi.hari kuri uyu wa kane ndamukiza 2024.


Christine Niragira asanzwe ari munyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandji yagize ati:«Mu gihe Leta y’uburundi yahora ikoresha amafaranga menshi mu kuja kuzana igitoro hanze y’igihugu ubu ikoreshwa ry’izo modoka zikoresha umuyagankuba rizotuma amafaranga agabanuka.ikindi nuko ikoreshwa ry’izo modoka rizotuma dukingira igisenge c’isi.»

Uyu mwaka wa 2024 haribonekeza ikena ry’ibitoro rikomeye mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati vyatumye abagendesha imiduga yunguruza abantu itagikora.iyikoze nayo usanga henshi ibiciro vyo kwiyunguruza bica biduga.abanyagihugu nabo binyunguruza kenshi usanga imirongo yibonekeza mu gisagara ca Bujumbura batonze barindiriye imodoka bamwe mbere bagahitamwo kugenda n’amaguru.

Naho Leta y’uburundi ishaka gukoresha izo modoka yikoresha umuyayankuba,mu gihugu haracibonekeza ikena ridasanzwe ry’umuyagankuba mu gisagara cose no hagati mu gihugu vyatumye abasanzwe bakora imirimo ikenera ikoreshwa ry’umuyagankuba benshi baragize uruhombo kubera ikena ry’umuyagankuba.

Leta ikwiye kubanza kwiga ingene ikibazo c’umuyagankuba cotorerwa umuti kugirango n’izo modoka zizoshobore gukora ata nkomanzi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments