Amashirahamwe Y’Agateka Ka Zina Muntu Asaba Irekurwa Rya Aloys Habimana Afungiwe Mu Burundi.

0

Ku wa 17 Ruhuhuma 2018, hari umukozi akora mu bijanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu yitwa Aloys Habimana yahagarikiwe ku mupaka w’Uburundi na Kongo maze aca ajanwa gufungirwa mu biro bikuru vy’Iperereza ry’Uburundi ari kumwe n’uwo bari bafadikanije urugendo bagomba kujabuka mu gihugu ca Kongo mu masaha y’Umurango, nk’uko Front Line Defenders ibimenyesha.

Uyo Aloys Habimana asanzwe avuka mu gihugu kibanyi c’Urwanda yatumye amashirahamwe aharanira agateka aka zina muntu ahagurukira rimwe asaba ko uyo aharanira agateka aka zina muntu yorekurwa ata kirize gusabwa.

Nkuko ikinyamakuru Nyamilipedia kibishira ahabona, uwo mugwi w’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo muri Afrika yo mu Buseruko no Hagati yamenyesheje ati: “ Aloys Habimana yahagaritswe ku musi wa gatandatu, 17 Ruhuhuma 2018, ku mupaka w’Uburundi na Kongo…Twebwe, nk’abaharanira agateka ka zina muntu, twarababajwe n’ihagarikwa rya Aloys Habimana. Habimana yakorera Ishirahamwe ryo mu gihugu ca Ireland ariryo Front Line Defenders ari umuhuzabikorwa waryo muri Afrika y’Ubumanuko no mu Buseruko”.

Ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akaba ‘asaba umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza kwitwararika neza ko Habimana umutekano wiwe udahungabanywa, hama amurekure kandi yongere abaze n’abamuhagaritse kuko bahonyanze agateka ka zina muntu’.

Ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu asaba irekurwa rya Aloys Habimana ni aya:
The Pan Africa Human Rights Advocates’ Coalition(PAHRA Coalition).
The South Sudan Human Rights Society for Advocacy(SSHURSA).
Our Lives Matter Action-International(OLiMA-International).
Parents-Elders Action for Children’s Education(Peace-Africa).
International Children’s Foundation(ICF).
Global Youth for Security and Peace Advocacy(GYoSPA).
African Centre for Justice, Peace and Reconciliation(ACJPR).
Africa Women’s Rights Empowerment Institute(AWoRE Institute).

Ayo mashirahamwe amenyesha ati: “Ihagarikwa rya Habimana ni uguhonyanga agateka ka zina muntu n’ibigirankana mu karere. Leta y’Uburundi yari ikwiye kumurekura vyihuta atakirize gusabwa”.