Amashirahamwe acukura ubutare agiye kwugarwa burundu hamwe atoza araha inyungu ishimishije Leta.

0

Ubushikiranganji  bujejwe ubutare bumenyesha ko vyibonekeje ko Leta y-uburundi ataco yariko irunguka mu bikorwa vy-amashirahamwe yimba ubutare aheruka guhagarikwa.Burundi : Export 2017 - 657.355,62813 kg de Cassitérite,Coltan,Wolframite,  et Or - Nouvelles du Burundi - Africa Generation News

Umushikiranganji w-ubutare n-agataka, amazi meza , amasoko ntanga nguvu hamwe n-ubutare yabivuze kuri uyu wa kabiri mu gihe yariko ashikiriza ivyo ubwo bushikiranganji bwaranguye mu gice ca 4 c-umwaka w-2020 -2021. Ibrahim Uwizeye yibukije ko amashirahamwe aheruka guhagarikwa  atabwo yafuswe  ariko atemeye kugabura inyungu ku buryo bushimishije na Leta azohagarikwa burundu hahamagarwe ayandi.

Bamwe n-abandi babona ko ijambo ryaheruka kuvumerwa n-umukuru w-igihugu c-uburundi kuwa mbere mukakaro igihe hahimbazwa imyaka 59 ihaciye uburundi bwikukiye ririko rshirwa mu ngiro. Perezida Ndayishimiye yagabishije  zimwe mu ndongozi zo hejuru ko  amasezerano zasinyiraniye n-amwe mu mashirahamwe acukura ubutare afatwa nk-ayaguma  asahura ubutunzi bw-igihugu  ko agiye gufutwa.