UBM News ads

Amasezerano agenga abarundi baja gukorera mu bihugu vy-abarabu agiye gushirwaho na Leta y-uburundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu yamenyesheje mu nama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu  ko amasezerano ari hagati ya Leta y-uburundi hamwe n-ibindi bihugu cane cane mu bihugu vy-abarabu bikunze gukoresha abarundi agiye gushirwaho. Ni inyuma yaho bimenyekaniye ko  abarundikazi bakorera mw-ivyo bihugu vy-abarabu bakorerwa amabi atandukanye ntibanagire n-uwubavugira.Burundi: Leta Ifata Ubwicanyi Bwakorewe Abahutu muri 1972 nk'Ihonyabwoko

Umuvugizi wa Leta akaba n-umuvugizi wa Leta   Prosper Ntahorwamiye ari mubasomye itangazo ry-ivyizwe mw-iyo nama y-abashikiranganji amenyesha ko umushikiranganji bw-abakozi ba Leta n-akazi yashikirije urwandiko rujanye n-amashirahamwe yigenga ajejwe  kuronderera abakozi akazi ko ayo mashirahamwe yahagaritswe inyuma yaho bimenyekaniye ko amwe mw-ayo mashirahamwe  akora ibinyuranye n-amategeko mu kurungika abakozi mu mahanga mu kinyegero. Uwo mushikiranganji w-abakozi n-akazi yasabwe n-inama nshikiranganji ko yotegura amategeko ajanye n-ico gisata hama ace ajanwa mu nama nshikiranganji aroranishwe n-ayandi asanzwe ahari.

Umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu nawe yamenyesheje mw-iyo nama nshikiranganji  ko hari integuro z-amasezerano  ari hagati ya Leta y-uburundi hamwe n-ibihugu vyo mu kigobe c-abarabu n-ibindi bihugu abarundi basanzwe baja gukoreramwo ubuzi mu ntumbero y-uko ibintu bikorwa mu muco abakozi bagende mu buryo buzwi  kandi bakingirwe n-amategeko .

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments