Abashingamateka bo muri CNL batewe ubwoba n-ingingo yo kwakwa abapolisi babacungera.

0

Abashingamateka bo mu mugambwe CNL bafise amakenga menshi k-umutekano wabo inyuma yaho ubushikiranganji bw-umutekano bufatiye ingingo ko abashingamateka bose batazosubira gucungerwa n-abapolisi bajejwe gucungera inzego API. Abo bashingamateka basabwa kuja kwironderera abapolisi b-abacungera bo mu ntara batowemwo.Agathon Rwasa umukandida wa CNL Ashika ku Biro vy'Itora

Ibiro vy-inama nshingamateka y-uburundi biherutse kumenyesha abashingamateka bafise abapolisi babacungera ko batagikuwe mu gipolisi gicungera inzego API ariko ko bazohora baja kubasaba mu ma komisariya y-intara batowemwo. Ibiro vy-inama nshingamateka bivuga ko iyo ngingo yafashwe n-ubushikiranganji bw-umutekano hamwe n-intwaro yo hagati mu gihugu. Iyo ngingo ikaba iteye amakenga menshi abashingamateka batowe mu mugambwe CNL aho bavuga ko bigiye kutaborohera bafatiye ku kuntu  abarongoye igipolisi mu ntara zimwe zimwe bitwara nk-abanyamugambwe ba CNDD-FDD, icama cibonekeje kenshi ni uko abo barongoye igipolisi mu ntara bama baravye ribi ndetse bakanahohotera abanywanyi ba CNL.

Naho iyo ngingo y-umushikiranganji w-umutekano iraba abashingamateka bose, abatowe mu mugambwe CNL babibonamwo uruyeri rwinshi rw-umugambwe CNDD-FDD aho biboneka ko ari ukugomba kubagirira nabi .Kubwabo bashingamateka, ayandi makenga bavuga ko bafise ni ukuntu bategekwa gutorerwa abazobacungera  biboneka ko hoba hari icateguwe kiri mbere batazi. Ikindi ngo n-uko bagiye guhabwa abapolisi batigeze baronka ubuhinga n-ubumenyi bikwiye muvyo gucungera inzego .