Ikarata yemeza ko umuntu yicandagishije Covid-19 igiye kwemezwa muri EAC.

0

Mu nama itegekanijwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Nzero 2022 y-abashikiranganji baraba iyinjira mu muryango wa afrika y-ubuseruko , haritezwe kwemezwa ikarata yerekana ko abanyagihugu wo mw-uwo muryango bicandagishije Covid-19.Eastern Africa: Boosting routine vaccinations for children

Mw-itangazo ry-umunyamabanga mukuru wa EAC rihamagaza iyo nama, Amenyesha ko ababazwa n-ingaruka z-ikiza ca Covid-19 harimwo izijanye n-urudandazwaz rudaciye mu muco, ivyo bigatuma inyungu z-ibihugu  vyo mw-uwo muryango zihungabana. Arongera agasigura ko ico cemezo kizofasha kugira habandanye imigenderanire hagati y-ibihugu na cane cane kugira urudandazwa rubandanye neza . Ico cemezo bita «certificat» kizofasha kugendura uruza n-uruja mu karere ka EAC congere gifashe kandi gucungera ihanahanwa ry-ibidandazwa Yaba ku mipaka hamwe n-imbere mu gihugu.

Ni muri iyo ntumbero asaba ibihugu bihurikiye muri EAC gutorera inyishu hamwe kw-ico kiza mu gushiraho ico cemezo arico bita certificate. Iyo certificat kazokwemezwa  biciye mu buryo bwa none n-ibigo vya «Laboratoire» bizwi mu ntumbero yo kwizerana hagati y-ibihugu n-abanyagihugu.

Mw-iryo tangazo, Dr Peter Mutuku  Mathuki aragaruka ku kamaro ko gushira ku biciro bimwe ibipimo vya Covid-19, umwanya ungana wo kurindira inyishu z-ibipimo ku gira ibikorwa bibandanye ku gihe , kugira ibipimo ku bigo bizwi bita Laboratoire ku gihugu kimwe kimwe ca EAC.