Amasanamu Africa ya Ashley Diva yerekanwe kuri Nigezie TV

0

Mu gihe haheze ikiringo c’ukwezi amasanamu y’indirimbo Africa y’umuririmvyikazi ashley diva agiye ahabona, ubu ayo masanamu abandanya yerekanwa ku mboneshakure mpuzamakungu nka:nigezie yo muri nigeria eka ndetse no kuri channel 5 mu gihugu ca tanzania

Ku munsi w’ejo ayo masanamu akaba yarabonetse ku mboneshakure ikomeye cane yo muri nigeria,imboneshakure ya nigezie
africa ya ashley diva

Tubibutse ko ayo masanamu yakozwe n’umuhinyanyuzi akomeye cane yitwa kent p,uyo muhinyanyuzi nyene akaba asanzwe afise inzu yiwe ijejwe guteza imbere ibikorwa yakoze,inzu ya kora entertenment ariyo ituma amasanamu yose uyo muhinyanyuzi akoze ashika kure,yerekanwa ku mboneshakure mpuzamakungu kuko niwe aheza akarungika ayo masanamu kuri izo mboneshakure mpuzamakungu

Tworangiza tubamenyesha ko Ashley Diva yashimiye cane uyo muhinyanyuzi ndetse akanavuga ko bazokorana n’ibindi bikorwa kuko yabonye ko gukorana na kent p ari inyungu