UBM News ads UBM News ads
Friday, April 19, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta ya Tanzaniya na HCR niyo izobazwa ibizoshikira impunzi z’abarundi-Vyizigiro J.Bosco

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe riharanira iyubahirizwa ry’agateka k’impunzi”CBDH-Vicar “riragabisha Leta ya Tanzaniya na HCR ko aribo bazobazwa ivyoshikira impunzi z’abarundi zahungiye murico gihugu.N’inyuma yaho havugiwe abitwaje ibirwanisho binjiye mu kambi ya Nduta bashaka guhungabanya umutekano w’impunzi.


kubw’inkuru dukesha I radiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu,Vyizigiro J.bosco avugira CBDH-Vicar agira ati:«uko tubibona muri Cbdh-Vicar turaba kubuzima bw’impunzi ico buzoba nimba abitwaje ibirwanisho aribo,ubuzima bw’abazokomereka n’abazopfa tukaba tumenyesha ko bazobazwa Leta ya Tanzaniya na HCR.Kuko ayo mezi cumi bahawe haba uguhungubanya umutekano canke kutawuhungabanya ntabwo biri mu nshingano z’impunzi ahubwo ni Leta ya Tanzaniya na HCR bitegerezwa kubahiriza agateka k’impunzi.rero nimba amakuru dufise ariyo,turasaba Amakungu na HCR gukwirikirana ayo makuru kugira bakumire ibara ritararwa».

Haraciye imisi Leya ya Tanzaniya igabisha impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya ko bokwitegurira gutaha mu gihugu cabo c’uburundi bitarenze uyu mwaka ikamenyesha kandi ko ari umwumvikano wahabaye hagati ya Leta y’uburundi na Tanzaniya hamwe na HCR.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments