UBM News ads

Kampala: Inama ya CNARED yo gutanga umukandida umwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urunani rw’abatavuga rumwe na leta rukomeye, arirwo CNARED, rurabandaya rumenyesha ko ruzokwitaba amatora ya 2020 ata gisivya.

Nk’uko isoko ry’iyi nkuru ribivuga, haritezwe inama ejo ku wa gatandatu i Kampala mu gihugu c’Ubuganda izokoreshwa n’abagize urunani CNARED ku mvo yo gutanga umukandida umwe mu matora ya 2020.

Ubu amakuru ariko acana acanako ni uko urwo runani rwiteguye gutanga umukandida umwe aruserukira mu matora ya 2020 maze agahangana nuwa CNDD-FDD na CNL.

Uwo mukandida yiyumvirwa nk’uko umwe yahoze ari umumenyeshamakuru abivuga ni Domitien Ndayizeye(yahoze atwara Uburundi) canke Anicet Niyonkuru.

Mwomenya ko Anicet Niyonkuru aheruka i Bujumbura mu bigabiro vyabaye mwibanga vyo kuraba uko leta ya CNDD-FDD yotuganya ugutahuka kw’abanyepolitike bahunze igihugu.

Ayandi makuru akamenyesha ko i Kampala nyene hashobora kwigirwa uko Petero Nkurunziza yotwara intwaro mfatakibanza mu mwaka wa 2020 kugira hatunganywe amatora ahurikiyemwo bose.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments