Amakoperative amwe amwe yabujijwe gucukura ubutare

0

Abashikiranganji batanu n’ababaserukira nibo bishikiye mu ntara ya Cibitoke kur’uyu wa gatatu aho bacukurira ubutare. Aho ni muntumbero yo gukingira ishirahamwe Afrika Mining Burundi ryagiriraniye amasezerano na Leta y’Uburundi yo gucukura ubutare mu ntara ya Cibitoke.

Akaba ari ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka, ubw’umutekano, ubwo kwivuna abansi, ubw’ubutungane hamwe n’ubw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Amakoperative y’abenegihugu akaba yarabujijwe gucukura ubutare nkuko vyahora bakaba bamenyeshejwe ko ikibanza bahora bakoreramwo caguzwe n’iryo shirahamwe Afrika Mining Burundi. Ibihuha vyinshi vyaciye bikwiragizwa aho havugwa ko hashobora kuba imigumuko mu gihe iryo shirahamwe ritoreka ngw’abo benegihugu bacukura ubutare babandanye babucukura.

Abo bashikiranganji bakaba barakuriye inkoni kugishitsi abo benegihugu ko ishirahamwe Afrika Mining Burundi ritegerezwa gukorera aho barihaye ataruko amategeko n’inguvu za Leta zizokoreshwa mukubahiriza iryo shirahamwe mu gihe hoba imigumuko.

Abo bashikiranganji bakamenyesha abo benegihugu bo mu makoperative yimba ubutare ko bashobora kumvikana n’iryo shirahamwe Afrika Mining Burundi bakabatiza aho bashobora gukorera canke bagasaba Leta gukorera mu kibanza c’inyuma yaho iryo shirahamwe ryahawe.

Ico kibazo kikaba cibonekeza kandi muri komine Butihinda mu ntara ya Muyinga aho amakoperative amwe amwe yabujijwe gucukura n’ishirahamwe Afrika Mining Burundi rivuga ko aco kibanza Leta yakibahaye.