UBM News ads

Wilson Nifasha, akana k’imyaka 2 kavukanye ubumuga bukomeye, gakeneye gufashwa. Raba hano uko wofasha.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Wilson Nifasha, akana k’imyaka 2 kavukanye ubumuga bukomeye, gakenyeye gufashwa. Raba uko wofasha ngaha.

UBM News ikaba yarashimye gushikana ubutumwa bw’ako kana n’abakagwaje kugira abantu bashobore kugafasha biciye mu nzira zitandukanye zerekanwa hano musi.

Wilson Nifasha n’umwana w’imyaka ibiri(2ans) arwariye mu bitaro bikuru vyitiriwe Umwami Khaled vy’i Bujumbura.

Wilson Nifasha yavutse afise umutima wuguruye, ico bita”Cardiopathie congénitale cyanogène à type de tronc artériel commun“.

Kugira akire,akeneye kuja kuvurirwa mu gihugu c’Ubuhinde(Inde) ku mafaranga angana na 12 000$(dollars). Ayo mafaranga ni nk’amarundi yababa imiliyoni 40 mu mafaranga y’Amarundi.

Umuvyeyi wiwe asaba uwo wese afise umutima w’ikigongwe gufasha abicishije kuri nimero ziwe zikurikira:

→+257 71 412 192(whatsapp)

→+257 76 763 987(ECOCASH)

→+257 69 787 829(LUMICASH)

Umuvyeyinwa Wilson amenyesha ko abokwipfuza gufasha bari mu bihugu vyo hanze y’Uburundi nka za Buraya na America bashobora gufasha baciye kuri iyi link : https://www.gofundme.com/let039s-bring-joy-to-this-little-boy

Mushobora kandi kurungika ubutumwa bwa Email kuri  chancellebamuhaye@gmail.com

UBM News ikaba ibashimiye  imbere y’igihe abo bose bazogira umutima wo gutanga mu kurokora ubuzima bw’ako kana.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments