UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Amafaranga yose akoreshwa n-amashirahamwe n-ibisata Leta yashizemwo umutahe agiye kuzoja mu nteguro y-amahera Leta izokoresha.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito  Ndayishimiye yategetse ko amafaranga yose akoreshwa n-amashirahamwe hamwe n-ibisata Leta yashizemwo umutahe azoza araja mu nteguro y-amafaranga Leta izokoresha. Mw-ikete umushikiranganji w-ikigega ca Leta aherutse gusohora, amenyesha ko iyo ngingo itangurana n-integuro y-amafaranga Leta izokoresha mu mwaka uza.Image

Mu nteguro y-amafaranga Leta izokoresha mu mwaka wa 2022 ushira uwa 2023 , umwaka uzotangurana n-ukwezi kwa Mukakaro , hazotegerezwa kuba habonekamwo amafaranga akoreshwa n-amashirahamwe yose hamwe n-ibisata Leta yashizemwo amafaranga. Mw-ikete yarungikiye abashikiranganji bagenzi we, umushikiranganji w-ikigega ca Leta yavuze ko ari ibisata vyose vya Leta nka ISTEBU, ikigega OBUHA, igisata kijejwe inyubako amabarabara no gutunganya ibisagara , igisata kijejwe ivy-ubutare  n-ibindi n-ibindi,…

Amashirahamwe ya Leta nka :ONATEL, MUTUEL, REGIDESO ,n-amashirahamwe Leta ifisemwo imitahe nka SOCABU na INSS nayonye ari muyarabwa n-iyo ngingo. Muri iryo kete ryo kuwa 14 Ntwarante 2022, Domitien Ndihokubwayo aranamenyesha ko amafaranga ayo mashirahamwe n-ibisata azoba ategekanya gukoresha  ku mwaka ku mwaka azoza arashirwa mw-ibanki nkuru y-igihugu  maze inyungu ibisata vya Leta bironka nayo igiye kuza irakirwa n-ikigo OBR.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments