UBM News ads

Perezida wa Ukraine agabisha ko hashobora kuba intambara ya gatatu y-isi hamwe atacovamwo mu biganiro bihuza Ukraine n-uburusiya.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w-iugihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky amenyesha ko yiteguriye kuganira na mugenzi we w-uburusiya Vladmir Putin kugira intambara imaze indwi zitatu zirenga ihuza ivyo bihugu bibiri  ihagarare.  Ariko Zelensky akagabisha ko intambara ya gatatu y-isi ishobora kwaduka hamwe ivyo biganiro ataco vyovamwo.Ukrainian President Volodymyr Zelensky: 11 lesser-known facts about him

Ariko abivugira ku kinyamakuru ca Leta Zunze ubumwe za Amerika , CNN, Perezida Zelensky ati :« Nditeguye kugiriranira ibiganiro na Putin, ariko hamwe ivyo biganiro ataco vyovamwo ,bisigura ko intambara ya gatatu y-isi ishobora kwaduka»

Tubibutse ko kuva intambara itanguye muri Ukraine hari kuwa 24 Ruhuhuma 2022,  Abanyagihugu barenga imiriyoni  zitatu baramaze guhunga iyo ntambara , Abashika imiriyoni icumi nabo barataye izabo, abasivire 902 nabo baramaze kuhasiga ubuzima, abarenga 1400 bakaba barakomeretse, nkuko tubishikirizwa n-ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ariko rero, ONU ivuga ko ivyo bitigiri bishobora kuba ari bike cane kuko bigoye gutororokanya ibitigiri vyukuri vyoba bimaze kuja ahabona.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments