UBM News ads

Amafaranga y-uburundi azobandanya ata agaciro ku rugero rwa 9.2% mw’uyu mwaka wa 2022 (FMI).

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amafaranga y-uburundi agiye kuzobandanya ata agaciro ku rugero rwa 9.2% mw-uyu mwaka turimwo wa 2022 biturutse kw-iduzwa ry-ibiciro  vy-ivyo amahinguriro akoresha biva mu butaka nk-igitoro kubera ingaruka mbi z-ingwano iriko ibera mu gihugu ca Ukraine. Vyatangajwe kuri uyu wa 17 Ntwarante 2022 n-umurwi w-ikigega mpuzamakungu FMI, inyuma y-amatohoza yakozwe  ku burundi.Dépréciation de la monnaie burundaise | Burundi

Nkuko vyanditswe muri iryo tangazo, Inyuma y-amatohoza yakozwe  ku bijanye n-ubutunzi mu Burundi n-umurwi w-ikigo FMI. Kuva kuwa 24 Ruhuhuma  gushika kuwa 16 Ntwarante 2022, Umupfasoni Astou Diouf arongoye uwo murwi mu Burundi yamenyesheje ko amafaranga y-uburundi yataye agaciro  ku rugero rungana 8.3% mu mwaka wa 2021, aho mu mwaka wa 2020  ayo mafaranga  y-uburundi yari yataye agaciro ku rugero rungana na 7.5%. Ivyo bikaba vyavuye ahanini  kw-iduzwa rinini ry-ibiciro ry-ibiribwa. Amafaranga y-uburundi rero akazobandanya atakaza agaciro  ku rugero rungana 9.2% uyu mwaka turimwo wa 2022 biturutse kw-iduzwa ry-ibiciro vy-ivyo amahinguriro akoresha biva ku butaka nk-igitoro bitewe n-ingaruka z-ingwano ziriko zibera  muri Ukraine.

Uwo arongoye umurwi wakwirikiranye  uburundi kubw-ikigo FMI, arongera akamenyesha ko igihengeri kijanye n-amafaranga yiteguwe gukoreshwa mu mwaka wa 2021 ushira uwa 2022 gishobora gushika  ku rugero rungana na 4.6% bagereranije  no mu kiringo c-umwaka  wa 2020 ushira uwa 2021, aho ico gihengeri cangana n-ibice 7.9% , ivyagabanutse bitumwe nuko  hari amafaranga yinjiye  mu kigega c-igihugu avuye mu matagisi  n-amakori hamwe n-imfashanyo y-uburyo ziyongereye  na cane cane ingabiro z-incanco z-ikiza ca Covid-19 zatanzwe mu gihugu.

Umupfasoni Diouf amenyesha kandi ko igihengeri c-amafaranga yinjira mu gihugu  bivuye mu guhanahana ibidandazwa  n-ibindi bihugu  ciyongereye mu mwaka wa 2021  biturutse ko  ubwa mbere ko uburundi bwagabanije gushora ibidandazwa  mu bindi bihugu  nk-ikawa, hamwe n-amabuye y-agaciro. Ubwa kabiri ko ibidandazwa  biza bivuye hanze y-uburundi vyabaye vyinshi kuruta.  Naho hari iyongerekana ry-igurishwa ry-inzahabu hanze y-igihugu, Ico gihengeri kizokwiyongera cane  muri uyu mwaka wa 2022  biturutse kw-iduzwa ry-ibiciro vy-ibikoreshwa vyankenerwa  nk-igitoro .

Mu gusozera iryo tangazo, Umurwi w-ikigo FMI mu Burundi umenyesha ko mu kiringo kitari gito  igihugu c-uburundi kizobandanya gihangana n-ingorane zijanye n-ukuzamura ubutunzi  n-iterambere hamwe  no kurwanya ikiza ca Covid-19.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments