Sosiyete y’umurwizatunga rurangiranwa kw’isi Elon Musk izwi kw’izina rya Neuralink Corporation yahawe uburenganzira na Leta zunze ubumwe za Amerika bwo gutangura gukora ubushakashatsi bugamije guhuza ubwonko bw’abantu na mudasobwa bita “ordinateur”mu rurimi rw’igifaransa.
Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, Neuralink corporation yatangaza ko yemerewe n’ikigo ca Amerika kijejwe kugenzura ubuziranenge bw’imiti n’ibifungurwa gutangura gukora ubwo bushakashatsi ku bantu.
Ibinyamakuru bitandukanye vyo muri Amerika bitangaza ko Hamwe ubwo bushakatsi bwoshika kwihangira ryabwo, bitegekanijwe ubwo buhinga bwa none bwa Neuralink corporation buzofasha kworosha ugufashanya hagati y’abantu, mudasobwa na terefone zigezweho. Ni ukuvuga ko ushaka kwandika ikintu kuri mudasobwa yawe ntibizoba bikiri ngombwa ko ukoresha intoki zawe kuko uzoca wiyumvira gusa maze mudasobwa igakora akazi.
Kuvyerekeye terefone naho, nuko mu gihe uzoba ushaka guhamagara umuntu, ntabwo bizogusaba gufyonda ahantu kugira witabe ahubwo wewe uzokwiyumvira gusa kuri ico gikorwa maze usabe terefone yawe kugikora ata ngorane.
Kugira ngo ukwo gufashanya kw’ubwonko bw’umuntu na mudasobwa bikunde, bitegekanijwe ko uwuvyipfuza wese azoza ashirwa mu mutwe akuma kazoza gahuza ubwonko bwiwe na mudasobwa.
Neuralink itangaza ko mu gushira ako kuma mu mubiri w’umuntu hazoza hifashishwa ico bita “robots” kugira ngo habe ukwirinda amakosa ashobora gukorwa n’abantu. Inyuma y’amasaha make Neuralink corporation yemerewe gukora ubwo bushakashatsi ku bantu, yaciye itangaza igikorwa co kwandika abantu bose bipfuza kubugirwako.
Recent Comments