Inyuma yaho ikigo co muri Amerika CDC Kigenzura amagara y-abantu kitangarije ko igihugu c-uburundi kiri mu bihugu bihagaze neza mukwikingira ikiza ca Covid19, ico kigo nyene cisubiyeko mukutangaza ko uburundi buri mu murwi wa kane w-ibihugu ikiza ca coronavirus kirwiriyemwo kurusha ibindi.
Ubushikiranganji bw-imigenderanire n-ayandi makungu ya Amerika bukaba bwaciye busohora urwandiko aho rugabisha abanyamerika mu bijanye n-ingendo mu Burundi . Urwo rwandiko ruvuga ruti :ˮ Nti mukahonyoze ikirenge mu Burundi ku gutinyira umugera wa Coronavirus‟
Bamwe n-abandi babona ko icatumye uburundi busubizwa mu murwi w-ibihugu ikiza ca Coronavirus ari cinshi vyoba ari uko Leta y-uburundi itigeze ifata ingingo zifadika mu kurwanya ako karanda kahanze isi . Aha twovuga nko : Kutegerana mu gihe abantu benshi bari hamwe, mu kutategeka abantu bose kwambara udufuka munwa, …..
Recent Comments