Alvin Smith mu myiteguro yo gusohora indirimbo nshasha

0

Umuririmvyi w’umurundi Alvin Smith Frimmeur agiye gusohora indirimbo n’umwe mu baririmvyi bakomeye cane ba hano mu gihugu cacu
alvin smith

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,Alvin akaba yatumenyesheje ko muri kino gihe ari mu myiteguro yo gukorana indirimbo n’umuririmvyi asanzwe aririmba umudiho wa hip hop ariwe Pim,
Alvin smith rero akavuga ko yabonye ko Pim afise ingabirano idasanzwe,kandi ko hamwe yokorana nuyo muririmvyi Pim indirimbo yabo ishobora gushika kure ikamushikana kure uyo muririmvyi,ikanamwongerera abakunzi b’akazi kiwe

Tworangiza tubamenyesha ko Alvin Smith ari umuririmvyi ataratera imbere cane mu muziki ariko akaba afise ingabirano idasanzwe